Home NEWS Uburundi bwaraye busubiye guhekurwa n’abitwaje ibigwanisho.

Uburundi bwaraye busubiye guhekurwa n’abitwaje ibigwanisho.

183
0

Mwitangazo leta y’uburundi , rivugako umurwi w’abarwanyi ba Red Tabara ariwo waraye usubiye gutera uburundi.

Iryo tangazo nyene rimenyeshako hononekaye ibintu bitari bike ndetse hari nabahashize ubuzima.
Jérome Niyonzima avugira Leta y’uburundi akaba yamenyeshejeko abantu 9 bitavye Imana harimwo abapfasoni 5 n’umusirikare umwe.
Ingoro y’umugambwe cnnd fdd nayo iri muvyononekaye hamwe n’imodoka zibiri n’ipikiku.
Leta y’uburundi ikaba yongeye gusaba urwanda gutanga abakuru ba Red Tabara ivugako basavye indaro muri ico hihugu.

Umurwi Red Tabara nawo wemanze ico gitero ubicishije kurubuga X ko ariwo wakoze ico gitero ukavugako abaguye muri ico gitero ari abasirikare ba leta y’uburundi.Aho umenyeshako hamwe hatoba ibiganiro ugiye kubandanya ivyo bitero.

75050cookie-checkUburundi bwaraye busubiye guhekurwa n’abitwaje ibigwanisho.
Previous articleIsukari ya Diamond yaraye ibaye umururazi
Next articleRumonge: Idongozi z’amadini zisaba kurekurirwa gutunganya ibiteramo.