Home ENTERTAINMENT Isukari ya Diamond yaraye ibaye umururazi

Isukari ya Diamond yaraye ibaye umururazi

294
0

Umwigeme vyavurwako ari m’urukundo  ubu n’umuririmvyi w’icamamare mu gihugu ca Tanzania Diamond , yaraye atangaje ko ahebanye nuyo muririmvyi.

Zuchu yamenyesheje mubutumwa burebure busa nuburimwo umujinya ,
Ko n’ubwo bigoye afashe ingingo yo guhebana n’umukunzi wiwe Nasibu. Yongeyeko ati urukundo rw’ukuri n’uko uhabwa agaciro ukwiriye.

Ariko yamenyeshejeko agiye kubandanya akorana ibindi bikorwa ariko yemeza abakunzi biwe ko ubu ari ingaragu(single).

Diamond Platnamz nawe ; yahavuye asimbira kurubuga amenyeshako ahanuwe na mugenzi we Haji manara , yahanuwe gusanga Zuchu muri Zanzibar kugirango asabe ikigongwe.Yongeye anasaba ivyiyumviro vy’abakunzi biwe.

Ariko bigoye kwemera kuko muminsi iheze Diamond yari yatangajeko atamukunzi agifise ariko bukeye aca amenyeshako abari bakuye amerwe mwisaho ko boyasubizayo kuko agiya kubandanya arikumwe n’umukunzi wiwe.

74950cookie-checkIsukari ya Diamond yaraye ibaye umururazi
Previous articleNgo naho mutamuhaye amashurwe yarayiguriye!
Next articleUburundi bwaraye busubiye guhekurwa n’abitwaje ibigwanisho.