Home NEWS Rumonge: Idongozi z’amadini zisaba kurekurirwa gutunganya ibiteramo.

Rumonge: Idongozi z’amadini zisaba kurekurirwa gutunganya ibiteramo.

285
0

Babishikirije mu nama yatunganijwe na buramatari w’intara ya Rumonge Leonard Niyonsaba kubarongoye amashengero n’amadini akorera muri iyo ntara.

Umwe m’ubungere yemesheje ko badatahura ukungene abatunganya ibiteramo vyo kwidagadura bobo barekurirwa gutunganya ibiteramo.
Yaranagarutse no kubaroreza imipira ijoro urwamo rukarenga igisagara.

Kubwiwe ngo ntabona ingene abakora ibikorwa vy’Imana bafasha mukwubaka imitima y’abanyagihugu nabo batobirekurirwa.

Leonard Niyonsaba arongoye intara ya Rumonge akaba yamenyeshejeko ata numwe yankirwa gutunganya igiteramo c’ijoro mugihe yabisabiye uburenganzira.
Yongeye ahamagarira amashengero kwubahiriza ingingo ibuza gutunganya amasengesho mumasha ya kazi.

Abanyamashengero kandi yabahamagariye kwigisha abayoboke bayo kwijukira ibikorwa vy’iterambere.

75180cookie-checkRumonge: Idongozi z’amadini zisaba kurekurirwa gutunganya ibiteramo.
Previous articleUburundi bwaraye busubiye guhekurwa n’abitwaje ibigwanisho.
Next articleBURUNDI : Inoti 10000 na 5000 za giye hehe?