Home ENTERTAINMENT Abarimvyi b’abarundi ngo ntibari bakwiye gufuha.

Abarimvyi b’abarundi ngo ntibari bakwiye gufuha.

229
0

Uyo n’umwihwezo wa Bizimana Aboubakar Karume benshi bazi kw’izina rya Sat-B.

Abicishije kurubuga rwiwe rwa Meta(facebook) ngo ntatahura kumwe n’abipfuzako abaririmvyi bo mubindi bihugu batoza kuremesha ibiterami mu Burundi.

Uyo yaririmvye “Birateba” asa n’uwufatira kuri yamvugo y’abarundi ngo”Akeza karigura”.
Atanga akarorero ku baririmvyi bo muri Nigeria avugako uburyo bakoresha kugira basohore indirimbo buri hagati ya madolari 1000 ni 3000.
Nubwo ubwo buryo ari mbwinshi yemezako akanovera k’indirimbo nako kaba gashemeye(100%).
Ariko akibaza akanovera k’indirimbo y’umurundi iba yasoho ku madolari 70 canke 100.

 

Karume aremerako akanovemara kari mubituma abaririmvyi bo hanze bahabwa amafaranga menshi iyo batumiwe mu biteramo mu Burundi.
Agasa nuwuhamagarira abaririmvyi bagenzi we gukora indirimbo z’akanovera hama ngo nabo barabeko akanoti bategeranya.

Abaririmvyi b’abarundi baridoga ko iyo bahamagawe mubiteramo bahabwa intica ntikize y’amafaranga.Umuririmvyi wa vuba yanabishize ku mugaragaro akaba Kidumu.

73320cookie-checkAbarimvyi b’abarundi ngo ntibari bakwiye gufuha.
Previous articleImidiho nyafruki ngo yoba ikunzwe kurusha mvamakungu
Next articleIrène Raguel yishimira uko yifurijwe umusi mukuru wiwe wamavuko nabakunzi biwe.