Home ENTERTAINMENT Burundi : « Akanoti » Indirimbo Nshasha ya D-One igiye kuja kumugaragaro

Burundi : « Akanoti » Indirimbo Nshasha ya D-One igiye kuja kumugaragaro

462
0

Umuririmvyi akunzwe cane muri kino gihe D-one  yemereye abakunzi biwe indirimbo nshasha. Iyo ndirimbo izoshirwa ahabona kumunsi wakane igenekerezo rya 10 Myandagaro,ikaba  izoba yitwa « Akanoti ». Ivyo uwo muririmvyi yabimenyesheje abicishije kumbuga ngurukana bumenyi ziwe harimwo facebook .

Muri ubwobutumwa bwagiye ahabona kuri uyu wa mbere, yongeye anamenyesha ko ategekanya gukora igiteramo mumpera zino ndwi nyene. Uyo muririmvyi asanzwe aririmba mumudiho wa afrobeats na afropop .

Muri ico giteramo, D-One  azoba yifadikanije n’abandi baririmvyi hamwe n’abavanzi b’umuziki beshi bita DJ. Aho hazoba hariko hahimbazwa isabukuru y’imyaka 10 habayeho icitwa Cristal Events Burundi.

Icokirori kizoba citabiriwe n’abavanzi b’umuziki bakomeye nka Dj Paulin, kikaba gitegekenijwe kuba igenekerezo rya 12 Myandagaro kumusi wagatandatu. Abazoryosha ico kirori akazoba ari Mc Amipro hamwe Just Gael.

Kikazobera kuri Zion Beachhamaze imisi habera ibiteramo bikomakomeye,  kwinjira ni 20.000 fBu mukibanza gisanzwe hamwe 50.000 fBu  mukibanza c’iteka(vip).

66850cookie-checkBurundi : « Akanoti » Indirimbo Nshasha ya D-One igiye kuja kumugaragaro
Previous articleNew Video : Yoya Jamal – Tina
Next articleBurundi: Umurwi nserukira gihugu nturiko uroroherwa mugikombe c´isi.