Home NEWS ANSS ihimbaza Imyaka 30 y’ubutwari mu kurwanya Sid

ANSS ihimbaza Imyaka 30 y’ubutwari mu kurwanya Sid

178
0
Kuruwi wagatanu igenekerezo rya 16 Kigarama 2022 Ku civugo “Imyaka 30 y’ubutwari mu kurwanya Sida”, Ishirahamwe ANSS (Association Nationale de Soutien aux Séropositifs et Malades du Sida) ryahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya Sida , yongera itanguza iyugururwa ry’isabukuru y’imyaka 30 igiye gushika ishirahamwe ANSS ( ribayeho.
Kubwa Jeanne Gapiya Niyonzima arongoye ANSS, amenyesha ko mu gihe isi yose iriko irahimbaza imyaka 40 irangiye hatowe uwo mugera, imyaka 30 iheze si igiharuro gisanzwe kuri ANSS. Muri iyo myaka 30 hararokowe ubuzima bwa benshi. Amenyesha ko mu minsi yambere uwanduye yasa n’uko bamuciriye urwo gupfa. Mu bitaro umurwayi wa Sida yari nk’uwurenzeko, ntawe bashaka kuko babona ko ataco bagikiza.
Uwo mukenyezi amenyesha ko ishirahamwe ryatanguye mu 1993, ata miti yo gupfupfahaza yari ihari. Na mike yaboneka yahabwa abagize amahirwe yo kuvukira mu bihugu mu bihugu vyifashe. ANSS ngo yabaye iyambere biciye Ku banywanyi bayo n mu guhangana n’ico kiza , ivyatumye umukenyezi agendana umugera afatwa nk’abandi bakenyezi akagira uburenganzira bwo kwibaruka. “Kuva mu mwaka wa 2018, nta mwana n’umwe yavutse Ku mukenyezi agendana umugera wa Sida akurikiranwa n’ikigo ANSS atigeze yandura.”
Muri iyo myaka , ANSS yaregeranije uburyo bw’amafaranga n’ibikoresho, itangura igikorwa co kuvura abagendana umugera wa Sida no gutanga imiti ipfupfahaza ARV. Hariho abana 52 basubijwe mu mashure Bari bayahevye. Mumyaka 30, ANSS yaratanze umwizero Ku bapfakazi..irubakira inzu impfuvyi n’abapfakazi, yongera irapangira n’abadashoboye kwipangira.
N’aho ibiharuro vyerekana ko igihugu cateye imbere mu kurwanya Sida, Jeanne Gapiya abandanya asaba abarundi kurwanya ni kwikingira ico kiza kuko ataho cagiye.
Kubwa Christophe Kinshasa yaserukiye Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, amenyesha ko mu minsi yambere bitari vyoroshe, kuko ata miti yari ihari. Abatari bake bakaba baritavye Imana.Uno munsi hari intambwe mu kurwanya iyo ndwara.
Amenyesha kandi ko gisagara ca Bujumbura kirashimishwa n’ingene iryo shirahamwe rifasha cane mu kuvura no kwigisha ingene bokwikingira umugera wa Sida. Akamenyesha ko bazobandanya bashigikira uwo wese afise imigambi izanira ineza abenegihugu.
46510cookie-checkANSS ihimbaza Imyaka 30 y’ubutwari mu kurwanya Sid
Previous articleImyidogo ya Esther Nish kubarongoye Bukiv Lab
Next articleAUDOI | Jean Marie Muco – Haguruka Dutambe | Download

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here