Home ENTERTAINMENT Umuririmvyi The Ben yamaze gushika mugisagara ca Bujumbura.

Umuririmvyi The Ben yamaze gushika mugisagara ca Bujumbura.

161
0

Aherekejwe n’umugore wiwe Uwicyeza Pamella, umuririmvyi The Ben wo mu gihugu c’Urwanda ahejeje gushika ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye c’i Bujumbura aho aje mu biteramo bibiri vyateguwe n’ishirahamwe “Now Now Company”

Ku ncuro yiwe yambere umuririmvyi aturuka mu gihugu c’Urwanda yamenyekanye kw’izina rya The Ben ahejeje gushika i Bujumbura aho azanwe no gukora ibiteramo bibiri vyateguwe n’ishirahamwe Now Now Company, kimwe kizoba kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga kuri Jardin Public, ikindi ku wa 01 Mukakaro 2023 kuri Eden Garden, akazoba arikumwe n’abaririmvyi b’Abarundi bakomeye nka Big Fizzo, Sat-B hamwe na Lino-G, ndetse Big Fizzo akaba yari yaje no kumutegera ku kibuga c’indege

Nk’uko yabimenyesheje agishika, umuririmvyi The Ben ngo ariteguye kuryohera Abarundi cane kuko basanzwe bamenyeranye mu biguhu akunda kuja kuririmbamwo kuko asangaho Abarundi benshi, ndetse akaba yishimiye kuba agiye guhurira ku buvyiniro bumwe n’umuririmvyi yakuze abona ariwe Big Fizzo hamwe n’incuti yiwe asanzwe akunda cane Sat-B.

Mwomenya ko uwusanzwe ahagarariye ibikorwa vy’uwo muririmvyi ariwe Alex Muyoboke we yaraye mu gisagara ca Bujumbura kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa 27 Nyakanga 2023

Twobibutsa ko mu giteramo kizobera kuri Jardin Public amafaranga yo kwinjira azoba ari hagati ya 10.000 na 2.000.000 Fbu. Nayo mu giteramo VIP kizobera kuri Eden Garden Resort, akanoti ko kwinjira azoba ari hagati ya 100.000 à 10.000.000 Fbu

70550cookie-checkUmuririmvyi The Ben yamaze gushika mugisagara ca Bujumbura.
Previous articleKadja Nin yagirishije igiteramo mu 1997 ata birato yambaye n’umuririmvyi ki?
Next articleBongo : Diamond na Zuchu bashobora kuba batakirikumwe.