Home ENTERTAINMENT Bongo : Diamond na Zuchu bashobora kuba batakirikumwe.

Bongo : Diamond na Zuchu bashobora kuba batakirikumwe.

196
0

Ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Instagram, umwe mubakurikirana umuririmvyi Zuchu wo mu gihugu ca Tanzania yashatse kumenya igituma Diamond aguma agaragarana na Tanasha wo muri Kenya bavyaranye kandi bizwi neza kwari mu munyenga w’urukundo na Zuchu.

Adatevye, Zuchu yishuye ko atakiri mu rukundo na Diamond Platnumz ngo gutyo ararekuriwe gukora ico ashaka.

Bamaze kubona inyishu itanzwe na Zuchu, abatari bake mu bakunzi mu muziki mu karere ka Africa y’ubuseruko bahuje iryo tandukana rya Zuchu na Diamond n’igikorwa Tanasha Donna aherutse gukorera inabukwe Mama Dangote/ mama Diamond. Tanasha aherutse guha inabukwe ubushimwe bugizwe n’amashurwe, amaparfums hamwe n’umufungo w’amahera.

Iryo tandukana rya Zuchu na Diamond rivuzwe inyuma y’imisi mike bompi bagaragaye mu kavideo gato bemeza ko bakundana cane ndetse Zuchu yemeza ko atawundi mugabo yamenye imbere ya Diamond Platnumz.

70590cookie-checkBongo : Diamond na Zuchu bashobora kuba batakirikumwe.
Previous articleUmuririmvyi The Ben yamaze gushika mugisagara ca Bujumbura.
Next articleVideo zabuja tv : Happy Phone Shop Rumonge Kwa vifaa vya simu/ Rama aonyesha mambo makubwa