Home ENTERTAINMENT Kadja Nin yagirishije igiteramo mu 1997 ata birato yambaye n’umuririmvyi ki?

Kadja Nin yagirishije igiteramo mu 1997 ata birato yambaye n’umuririmvyi ki?

184
0

Amazina yahawe n’abavyeyi ni Jeanine Ntiruhwama Rema. Ni umukobwa wa Jean Ntiruhwama uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kuri Mwambutsa wa kane.

Yavutse itariki 27 Ruheshi mu 1959, i Ruvyagira impande yo ku Mushasha mu ntara ya Gitega. Mu bwana bwiwe yari mutomuto cane, bakaca bamwita “ka Jeanine”, ari ho havuye izina “Khadja Nin”.

Mu 1973 yaratanguje umugwi w’abaririmvyi, mu 1975 aca aja kwiga i Kinshasa. Mu 1980 aja mu Bufaransa, hanyuma mu Bubirigi, ajanye umuhungu wiwe n’umugabo wiwe wa mbere, kuko yahavuye apfakara.

“Album” yiwe ya mbere, yayisohoye mu 1992, indirimbo ziyigize zose zari mu rurimi rw’Igiswahili. Khadja Nin yagiye kumenyekana mu Bufaransa mu 1995, mu ndirimbo yise “Sambolera mali son” yo muri “album” yiwe ya kabiri yitwa “Ya pili”.

Album ya gatatu yari igizwe n’uruvange rw’indirimbo za kera n’izico gihe. Iya kane nayo yagiye gusohoka mu 1998.

Khadja Nin yararirimbiye Uburundi igihe bwari bwafatiwe ibihano (embargo) ku ntwaro ya Pierre Buyoya. Mbere, ico gihe yaritabiriye igiteramo i Bujumbura, cari categuwe mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyo bihano.

Muri ico giteramo, Khadja Nin yaje ari ibirenge bisa. Mu misi mike, abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura bari bagezweho, baciye bakunda kuja baragenda uko, ata birato bambaye.

Yararirimvye kandi n’iyindi ndirimbo yo kwibutsa ubutwari (rendre hommage) bwa Nelson Mandela, yayise “Sina mali sina déni”.

Muri nzero itariki 1 mu 2000, yaratumiwe kuririmba i New York iruhande y’umuririmvyi akomeye wo mu Bwongereza yitwa Sting. Yahavuye mu 2006 agira ubugeni ku ncuro ya 2 n’Umubirigi yitwa Jacky Ickx. Mu 2018, na ho aba umwe mu bagize “jury” mu giteramo mpuzamakungu ca “cinéma” citwa “Festival de Cannes”

70530cookie-checkKadja Nin yagirishije igiteramo mu 1997 ata birato yambaye n’umuririmvyi ki?
Previous articleGianni Infatino, ayoboye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose agiye kugendera Uburundi.
Next articleUmuririmvyi The Ben yamaze gushika mugisagara ca Bujumbura.