Home ENTERTAINMENT Abahagarikizi 16 b’abigeme bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA

Abahagarikizi 16 b’abigeme bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA

297
0

Abahagarikizi 16 b’abigeme bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rifadikanije n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bararonkejwe certificat kuri uyu wa gatanu.

Muri Abo bahagarikizi harimwo 5 bo hagati mu kibuga be na 11 bo kumpande z’ikibuga.Mubahagarikizi 19 bakurikiranye bongera bakora na ‘Test physique ‘, 16 gusa nibo bamenye baca baronka uburenganzira bwo guhagagikira  inkino ngaha mu Burundi.

Muri abo batatu bananiwe, harimwo umwe asanzwe ari bitumwako mumakungu. Izonyigisho zatanzwe n’abahinga ba FIFA Jérôme Efong Nzolo (ava mu gihugu ca Gabon) , AYEMOU Annah Jeanne ( wo muri Côte d’Ivoire)  bafadikanije n’abarundi Nduwimana Bénigne, Bazubwabo Félix, Nahayo Jean na Ndikumana Emmanuel.

Abandi mubona kuri iyo sanamu nka Hassan RAMADHAN asanzwe arongoye igisata c’abahagarikizi mu gisagara ca Bujumbura, Kabeya ,Jacqueline bari nk’abarorezi (observateurs).

Tubibutseko ko izonyigisho zamaze indwi yose ,uwazisozereye akaba ari uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , MUYENGE Alexandre yashimishijwe cane n’intambwe abahagarikizi b’abagore bagezeko akabasaba kugumana ishaka kugira batere baja imbere.

Credit photos: Akezasport

67530cookie-checkAbahagarikizi 16 b’abigeme bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA
Previous articleUmuririmvyi Kirikou akili agizwe umuserukizi mukuru w’ibikigwa vy’ishirahamwe “Jaguar travel & tour”
Next articleBig Fizzo yizeye umuhinyanyuzi w’amasanamu Landry SB