Home ENTERTAINMENT Umuririmvyi Kirikou akili agizwe umuserukizi mukuru w’ibikigwa vy’ishirahamwe “Jaguar travel & tour”

Umuririmvyi Kirikou akili agizwe umuserukizi mukuru w’ibikigwa vy’ishirahamwe “Jaguar travel & tour”

418
0

Uyo muririmvyi yasinye amasezerano n’iryoshirahamwe ryunguruza abantu mundege,Kuri uyu wa 10 myandagaro 2023  yiyemeza kuzomenyekanisha ibikorwa vyaryo nkuko biri mumasezerano yasinye n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe.

Umuyobozi mukuru w’Ishirahamwe “Jaguar travel & tour “mu Burundi, Omar MUGISHA; ivyatumye bahitamwo uyo muririmvyi n’ukumushigikira no kumukeza ko yarangije amashure,banamwemerera kuzomufasha n’ibikorwa vy’umuziki ,mukumuha itikete mugihe yokenera gukorana indirimbo n’abaririmvyi bo hanze y’igihugu.

Kuruhande rwa Kirikou akili arashima kubona ishirahamwe ryunguruza abantu mundege ryamuhisemwo kubwiwe n’amahirwe adasanzwe kuko bizomworohera gufata ingendo, akeneye gukora ibikorwa hanze y’igihugu.

B face yari mubari baherekeje Kirikou akili agiye gusinya ayo masezerano n’ Ishirahamwe ryunguruza abantu mundege “Jaguar travel &tour.”

Raba niyi video : Karabobanye / Ligue ya Mpira wa Kibamba Rumonge
67490cookie-checkUmuririmvyi Kirikou akili agizwe umuserukizi mukuru w’ibikigwa vy’ishirahamwe “Jaguar travel & tour”
Previous articleAbaririmvyi b’ibihangange muri Afrika biyemeje kuryohora indirimbo za Bob Marley
Next articleAbahagarikizi 16 b’abigeme bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA