Home ENTERTAINMENT Love is mystery Ep Yoba yarahebwe?

Love is mystery Ep Yoba yarahebwe?

224
0

Mumpera z’umwaka wa 2023 ,umuririmvyi Msamaria Danielo asanzwe ya muka mugisagara ca Rumonge yamenyesheje abakunzi biwe ko agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo.

Uyo ubu abarizwa muri label ya Bantuboy ntiya garukirije aho kuko yerekanye ‘amazina y’indirimbo zizoba zigize Ep yiwe.

Ariko ibiriko bitangaza abatari bake mubakunzi biwe nuko uyo muririmvyi aho gusohora iyo Ep yahavuye asohora indirimbo imwe(single) nayonyene akaba yayikoranye n’uyundi muririmvyi.

“Iyo utaza” indirimbo ahareku gusohorana na Double Jay mukwezi kwambere yatumye hari abibaza ibitandukanye.

None nguyo Msamaria yaraye atangaje ko agiye gushira ahabona iyindi single na ho Manager wiwe yiyamirije Iyo cover arikumwe na Uncle B.

Ikigaragara nukwo izondirimbo zompi atanimwe iri kurutonde rwa ya Ep yari yamereye abamukurikirana. Mangeur wiwi akaba yaramenyeje ko yabonye Iyo EP ntasaporti izoronka aca ashima kuyiheba. Gushika ubu Iyo caver yiyo ndirimbo Msamaria arikumwe na Uncle B ntayo ara posta gusa ni Uncle B niwe ariko ara iposta.

74540cookie-checkLove is mystery Ep Yoba yarahebwe?
Previous article“Vyose ndabikesha mwebwe”
Next articleUmurwi w’abaririmvyi ukoranye Imyaka 17 batavana