Home ENTERTAINMENT Mu ndwi iza umuririmvyi Drama-T azosohora indirimbo yiwe yambere muri uyu mwaka...

Mu ndwi iza umuririmvyi Drama-T azosohora indirimbo yiwe yambere muri uyu mwaka w’2024

140
0

Ibi akaba yabimenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook ndetse akaba yanasavye abakunzi biwe guhitamwo umusi iyi ndirimbo yo yisohorerako. 

Ikiriko gitangaza abatari bake n’uko indirimbo “Kode” yaheruka gusohora haraheze amezi 2 isohotse ariko ikaba itarakwiza umuriyoni wabamaze kuyiraba ku rubuga rwa Youtube.

Ibitari bimenyerewe kuri uyu muririmvyi kuko gushika ubu niwe muririmvyi w’umurundi afise indirimbo imaze kurabwa incuro nyinshi ( Madamu imaze kurabwa n’abantu imiriyoni 6 )

Iyi ndirimbo ikaba imaze kurabwa n’abantu barenga ibihumbi 813. 

Indirimbo Kode ikaba yaravuzweko vyinshi inyuma yaho umuririmvyi Drama-T akuriyemwo amajwi y’umuririmvyi B-Face, ivyoba vyaratumye iyi ndirimbo idakundwa cane nk’izindi uyu muririmvyi yari amaze imisi asohora.

Kurikirana iki kiganiro : Partie 2/ Wanafiki niwengi batuma umuziki udatera imbere/ bari baziko nafuye abampaye isumu.

74380cookie-checkMu ndwi iza umuririmvyi Drama-T azosohora indirimbo yiwe yambere muri uyu mwaka w’2024
Previous articleDrama T aridogerwa cane nuwatsinze ihiganwa rya ( KODE CHALLENGE ) , umutamvyi yitwa Tony Thibaut
Next articleIndirimbo 2 ( Tuzogumana na Cupa) z’umuririmvyi El_Pro zakuwe Ku rubuga rwa Youtube.