Home ENTERTAINMENT Indirimbo 2 ( Tuzogumana na Cupa) z’umuririmvyi El_Pro zakuwe Ku rubuga rwa...

Indirimbo 2 ( Tuzogumana na Cupa) z’umuririmvyi El_Pro zakuwe Ku rubuga rwa Youtube.

357
0

Ivo yatumye izi ndirimbo zikurwa kuri uru rubuga ikaba yamaze kumenyekana.

Uburongozi bw’inzu ihinyanyura imiziki Mirire Makerz akaba aribwo bwatanze ikirego ku rubuga rwa Youtube maze izi ndirimbo zica zirahagarikwa. 

 Uburongozi bwa Mirire Makerz bwasohoye itangazo mu ntumbero yo gutanga umuco

Umurongozi wa Mirire Makerz yagize ati :”Izi ndirimbo 2 zose nitwe twazihinyanyuye ariko umuririmvyi El Pro ntiyubahirije amasezerano mu kwanka gushiramwo ikirango (logo) y’umuhinyanyuzi yazihinyanyuye hamwe n’ikirango (logo) y’inzu Mirire Makerz ndetse twaragiriraniye n’ibiganiro n’uyu muririmvyi ariko ntiyavyubahirije. Twahavuye dukora ibi mu ntumbero yo kwiyubahiriza no gukora kinyamwuga.”

Umuririmvyi El Pro akaba yarasabwe amafaranga 200.000 n’iyi nzu yahinyanyuye izi ndirimbo kugira izo ndirimbo ziwe ntizishirweko ibihano ariko uyu muririmvyi ngo yemeye gutanga amafaranga ibihumbi 100 ariko ntihavuye ayatanga, niko gufata izo ngingo ko muri Mirire Makerz bakaba basozereye bamenyesha ko ibiganiro vyuguruye kuri El Pro mu ntumbero yo gukemura icokibazo.

Raba ikiganiro Sule S Ndimu yaraye n’a William :

74420cookie-checkIndirimbo 2 ( Tuzogumana na Cupa) z’umuririmvyi El_Pro zakuwe Ku rubuga rwa Youtube.
Previous articleMu ndwi iza umuririmvyi Drama-T azosohora indirimbo yiwe yambere muri uyu mwaka w’2024
Next article“Vyose ndabikesha mwebwe”