Home ENTERTAINMENT Drama T aridogerwa cane nuwatsinze ihiganwa rya ( KODE CHALLENGE ) ,...

Drama T aridogerwa cane nuwatsinze ihiganwa rya ( KODE CHALLENGE ) , umutamvyi yitwa Tony Thibaut

171
0

Tony Thibaut Amwagiriza kutamuha Amafaranga yose yatsindiye ( 1.000.000 Fbu ) , ahubwo akamuha ibihumbi amajana atanu nayo nyene bigoranye .

Uyu mutamvyi aganira n’ikinyamakuru Iris News, yagize ati :”

Nkibona ko ari jewe natsinze, narandikiye umuririmvyi Drama T, haciye imisi aca ampa inomero y’umuntu mbaza kandi ico gihe itariki yo gutangirako agashimwe yemeye yari yamaze kurengana kuko hari kuba itariki 25/12/2023. 

Umuntu yampaye naramwandikiye ariko ntiyanyakira neza gushika n’aho ambwira ko ndiko ndamugora. Ariko, hirya y’ejo hamaze kurengako indwi 2, yarampaye igice (500.000 BIF) aca avuga ko ayandi azoyatanga mu nyuma kandi tumwandikiye nta kintu yishura gushika ubu. “

Uyu mutamvyi akaba asaba umuririmvyi Drama T ko yomutunganiriza ku mafaranga asigaye kuko ijana ritanka mu rindi .

74200cookie-checkDrama T aridogerwa cane nuwatsinze ihiganwa rya ( KODE CHALLENGE ) , umutamvyi yitwa Tony Thibaut
Previous articleKaberna yahoze ari umumenyeshamakuru kuma samirizi atandukanye , agiye gukorana indirimbo na Kellyna.
Next articleMu ndwi iza umuririmvyi Drama-T azosohora indirimbo yiwe yambere muri uyu mwaka w’2024