Home NEWS Ubwato “Musumba Cargo” buherutse gukorerwa hano Burundi ngo bwoba bwaragize ikibazo, bugasa...

Ubwato “Musumba Cargo” buherutse gukorerwa hano Burundi ngo bwoba bwaragize ikibazo, bugasa n’ubumanyutse bugitangura gufata urugendo.

145
0

Ivyo vyamenyekanye inyuma yaho abantu baguma babaza bati mbega ubwato twikoreye hano mu Burundi buri hehe ?, narirya hari haheze amezi hafi atanu atawurabukubita ijisho kuva burungitswe mu kiyaga Tanganyika.

Amakuru atangwa n’ijwi rya amerika ni uko ubwo bwato bumaze amezi hafi atatu buriko burasanurirwa mu gihugu ca Tanzaniya. Umwe mu bafundi babwo, kandi ari mu bakozi babwo, akaba avuga ko bwagize ingorane busa n’ubumanyutse bugeze Kabimbi muri Kongo.

Uwitwa Misosi yabufashe ayo masanamu, amenyesha ko buri i Kigoma kandi ko vuba butahuka, bukaza hano mu Burundi, narirya benshi babufiseko icizere kinini ku bijanye n’iterambere ry’urudandazwa.

72670cookie-checkUbwato “Musumba Cargo” buherutse gukorerwa hano Burundi ngo bwoba bwaragize ikibazo, bugasa n’ubumanyutse bugitangura gufata urugendo.
Previous articleAbririmvyi b´abarundi baguma babumenyekanisha mumakungu.
Next articleBurundi : Ntakintu kiboneka kimaze gushikwako cavuye m’umugambi “Ewe Burundi Urambaye” igihugu cokwirata