Mugihe twari tumenyeye kubona abaririmvyi b´umuziki ndundi bama basa nabahanganye mubikorwa vyabo mbere abandi bagaterana amajambo, kumbure bamwe boba batanguye gutahura akamaro ko gukorera hamwe no gukundana hagati yabo.
Kuri uyu w´Imana umuririmvyi Sat B yashize kuruhome rw´urubuga rwiwe rwa Instagram arikumwe na Mugani Désiré Big Fizzo. Iyo sanamu akaba yayiherekejwe n´amajambo ahamagarira abantu gukundana no gukunda ivyabo.
Sat-b ati : “Gume hamwe ! Kundane mukunde ivyanyu. Reke Guhonoka. Ndarivuze, ndimanukiye ataco ninona canke nicuza. Ahubwo bibakundiye Mwicuze cane Ubwanyu.”
Mbega tuvugeko abaririmvyi bamwebamwe boba baratahuye ko ” Nyamwigendako atarimira impeshi” wa mugani wa barundi.
723930cookie-checkSat-B niho akibona ko ijambo Urukondo rifise akamaro mu muziki ndundi.