Home ENTERTAINMENT Ghana : Sarkodie ategeka Rihanna guhindura umudiho w’indirimbo.

Ghana : Sarkodie ategeka Rihanna guhindura umudiho w’indirimbo.

132
0

Sarkodie, umuririmvyi akomeye wo mu gihugu ca Ghana ngo yoba yaregerewe n’ikimenyabose mu muziki w’isi Rihanna kugirango bakorere hamwe indirimbo.

Nk’uko Sarkodie ubwiwe avyemeza, ngo hari mu mwaka wa 2016 aho Rihanna yamusaba ko yomufasha mu ndirimbo yiwe. Sarkodie ngw’amaze kwumviriza umudiho w’iyo ndirimbo ya Rihanna yasavye ico camamare co muri Leta zunzubumwe za Amerika guhindura uwo mudiho kugirango bikunde ko amufasha kuyiririmba. Ngo kuv’ubwo Sarkodie yararorereye inyishu iva kwa Rihanna amaso ahera mu nzira.

Abatari bake mu bakunzi b’umuziki wo muri Africa barakeza Sarkodie kur’iyo nyifato yo kudakangwa n’uburemere bw’umuntu ngo wemere agukoreshe n’ivyo utumva neza aho banashimangira ko abatari bake mu baririmvyi bo ku mugabane wa Africa batari kwubahuka kwerekana n’udutosi tugaragara mu ndirimbo y’igihangange nka Rihanna. Bati:”Sarkodie azokwama ariwe muririmvyi atwar’idarapo rya Africa”.

70370cookie-checkGhana : Sarkodie ategeka Rihanna guhindura umudiho w’indirimbo.
Previous articlePrimus League Burundi : Inkino z’indwi ya gatandatu zirabandanya.
Next articleNigeria : Davido niwe yatumye umuziki wigishwa muri kaminuza.