Home NEWS Nigeria : Davido niwe yatumye umuziki wigishwa muri kaminuza.

Nigeria : Davido niwe yatumye umuziki wigishwa muri kaminuza.

185
0

Nk’uko yabishiz’ahabona ku rubuga rwiwe rwa Instagram, amaze kurangiz’amashure yisumbuye mu gihugu c’amavuko, umuririmvyi Davido wo mu gihugu ca Nigeria yarungitswe n’umuryango wiwe muri Leta zunzubumwe za Amerika kugirango abandanirizeyo kaminuza. Ashitseyo, ha gukurikiran’ishure Davido yikurikiraniy’umuziki nyabuna ivyamuviriyemwo kunanirwa burundu. Ntayandi mahitamwo yarafise kiretse kuzing’ibirago hakiri kare agasubira iwabo muri Nigeria.

Se wa Davido amaze kubona ko umuhungu wiwe atakindi yitayeho atar’umuziki gusa, yahisemwo kwegera ubuyobozi bwa kaminuza ya Babcock University of Nigeria kugirango batanguze igisata gishasha cigish’umuziki gutyo Davido yige ntaheb’ishure.

Ubuyobozi bw’iyo kaminuza ngo bwaravyemeye bitewe n’ubushobozi bw’amafaranga bw’umuryango wa Davido w’aba Adeleke Family kandi ngo nyina wa Davido yari yahoze yigisha kur’iyo kaminuza imbere yuko yitab’Imana mu mwaka wa 2003.

Umuryango wa Adeleke Family watanze miliyoni 200 z’amanaira kugirango ico gisata gishasha c’umuziki gitanguzwe mur’iyo kaminuza ya Babcock University of Nigeria gutyo umuririmvyi yabiciye biracika muri Africa no kw’isi yose muri rusangi Davido abona kwiga kaminuza mu gisata c’umuziki yarasanzw’akunda cane.

70390cookie-checkNigeria : Davido niwe yatumye umuziki wigishwa muri kaminuza.
Previous articleGhana : Sarkodie ategeka Rihanna guhindura umudiho w’indirimbo.
Next articleMusic Audio : Band Family Ft Faty Oil – Mama Goro