Home ENTERTAINMENT Marioo akezwa na Kajala

Marioo akezwa na Kajala

293
0

Inyuma yo gushir’ahabona indirimbo yiwe nshasha ifise n’amasanamu Sing, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Marioo yakejwe na Kajala Frida.

Nk’uko biri ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Kajala Frida yanditse ati:” Komera mukwe wanje ku ndirimbo nziza ya video washiz’ahabona. Igisabo cawe c’urunywano twaracakitiye…kaze mu muryango wa Masanja. Kimwe gusa nawe mu mwaka uza ntuzoduhinduke …nzoca ndakuroga….”

Indirimbo Sing ya Marioo yagiy’ahabona kur’uyu wa 10 Myandagaro; mu masanamu yayo hagaragaramwo umukunzi we Paula asanzwe ari umukobwa wa Kajala Frida.

Paula yafatanye na Marioo inyuma yo gutandukana na Rayvanny nawe asanzwe ari umwe mu baririmvyi bakomeye mu gihugu ca Tanzania.

66980cookie-checkMarioo akezwa na Kajala
Previous articleBurundi: Umurwi nserukira gihugu nturiko uroroherwa mugikombe cĀ“isi.
Next articleAbakinyi 10 muri 13 bagiye guserukira Uburundi munkino z’isi yose za handball muri Croatie ntawuzi irengero ry’abo.