Home ENTERTAINMENT Abakinyi 10 muri 13 bagiye guserukira Uburundi munkino z’isi yose za handball...

Abakinyi 10 muri 13 bagiye guserukira Uburundi munkino z’isi yose za handball muri Croatie ntawuzi irengero ry’abo.

264
0

Urukino rwari guhuza umugwi nserukiragihugu wa Handball w’abatarenza imyaka cumi n’icenda w’Uburundi na Bahreïn ntirukibaye !

Mw’ikete ishirahamwe riraba urukino rwa Handball kw’isi ryandikiye amashirahamwe ya handball ya Bahreïn,Géorgie,Mexique, Nouvelle Zélande,Rwanda, USA,na Korea y’ubumanuko, rimenyeshako Uburundi butakibandanije ihiganwa ko kandi Uburundi buca butsindwa impaga ya 10 kubusa na Bahreïn.

Urwo rukino rwari rutegekanijwe uyu munsi isaha icenda mu masaha yo ngaha iwacu ntirukibaye kubera ko abakinyi b’intamba mu Rugamba badakwiye.

Abakinyi 13 nibo bajanye n’umumenyereza mukuru Floribert Nimubona guserukira Uburundi muri izo nkino z’igikombe c’isi yose kiriko kibera muri Croatie.Kumakuru ava muri Croatie,ngo mubakinyi 13, abakinyi 3 nibo basigaranye n’uwo mumenyereza ngo ari naco gituma uburongozi bwa Febuhand bwasavye IHF kudakina urwo rukino kubera kubura abakinyi.

Intamba zari zimaze gukina inkino 5 akaba ata ntsinzi nimwe zaronse. Uburundi bwatsinzwe na Iran, Îles Féroé, Suède, Argentine na USA

67080cookie-checkAbakinyi 10 muri 13 bagiye guserukira Uburundi munkino z’isi yose za handball muri Croatie ntawuzi irengero ry’abo.
Previous articleMarioo akezwa na Kajala
Next articleBongo : Kajala na Harmonize barushirizaho guteran’amajambo.