Home ENTERTAINMENT Bongo : Kajala na Harmonize barushirizaho guteran’amajambo.

Bongo : Kajala na Harmonize barushirizaho guteran’amajambo.

242
0

Babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Harmonize n’uwahoze ar’umukunzi we Kajala Frida babandanya kwiyambur’agashambara mu guteran’amajambo inyuma yo gutandukana.

Inkabuzo y’ukwo guteran’amajambo ku mbuga ngurukanabumenyi kwabaye ukuj’ahabona kw’uko Kajala yamaze kugurisha imodoka yo mu bwoko bwa Range yaguriwe na Harmonize bahoze bakundana. Harmonize yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu mpera z’indwi twaraye turangije ko Frida Kajala yabuze amashilingi yo kwitaho iyo modoka gutyo bituma ayigurisha ahitamwo gusubira kunyonga Toyota. Konde boy ntiyabuze kwigaragaza nk’umusamariya mu kuvuga ko iyo Kajala aza kumwegera atabura kumuterera ngo aronkayo kwitaho iyo modoka.

Ku ruhande rwiwe Kajala Frida nta majambo menshi yashimye kuvuga kiretse kubwira Harmonize ko bamaze gutandukana maze amuhanura kugenya ubwiwe.

Kuva ubwo rero imbuga ngurukanabumenyi zitandukanye zuzuye ubutumwa buva kur’izo mpande zompi; ubutumwa ahanini burimwo kuburiranir’isoni . Kur’uyu wa 10 Myandagaro hoho ibintu vyafashe iyindi ntera inyuma y’aho Paula; umukobwa wa Kajala Frida yagaragaye yishurana n’uwo yahoze akundana na nyina Harmonize. Imbarutso yo kuvyivangamwo kwa Paula ngo bwoba ar’ubutumwa Harmonize yanditse kuri Instagram ahanura Kajala kwemenga kwashaje maze akagendana n’abagabo bari mu runganwe rumwe. Ivyo rero vyatumye Paula ananirwa kwifata maze yandika atuka Harmonize ibitutsi vy’abungere.

Mwomenya ko inyuma yo gutandukana na Kajala, Harmonize bivurwa ko ari mu munyenga w’urukundo na Yolo The Queen, umunyarwandakazi bivugwako afise inkomoko mu gihugu c’uburundi ndetse bika vyavuzwe mu ntango z’iyi ndwi ko Yolo nawe yaguriwe imodoka yo mu bwoko bwa Range.

67030cookie-checkBongo : Kajala na Harmonize barushirizaho guteran’amajambo.
Previous articleAbakinyi 10 muri 13 bagiye guserukira Uburundi munkino z’isi yose za handball muri Croatie ntawuzi irengero ry’abo.
Next articleNew Video Lyrics : D-One – Akanoti