Home ENTERTAINMENT Tanzania : Kajala ati :” Sinshobora gufuta tatouage ya Wema ku mubiri...

Tanzania : Kajala ati :” Sinshobora gufuta tatouage ya Wema ku mubiri wanje”

238
0

Frida Kajala amenyesha ko yicuza kuba yaracafye ku mubiri wiwe tatouage y’uwahoze ari umukunzi we Harmonize; umuririmvyi rurangiranwa muri Bongo Music mu gihugu ca Tanzania.

Nk’uko vyashizw’ahabona kur’uyu wa 6 Mukakaro na Swahili World, ngo Kajala yoba agiye gufuta tatouage ziri ku mubiri wiwe na cane cane iya Harmonize ariko akamenyesha ko tatouage ya Wema Sepetu atarota ayifuta ngo kuko isobanuye vyinshi mu buzima bwiwe.

Izina rya Wema ngo Kajala yoba yaryanditse ku rutugu rwiwe inyuma yo kurihirwa na Wema Sepetu amashiringi agera ku miriyoni cumi kugira ave mu gasho. Frida Kajala yigeze gufungwa yagirizwa gufadikanya n’umugabo wiwe mu busuma bw’amafaranga hakoreshejw’amayeri guto bompi batabwa mu mvuto ariko wewe ntiyatebayo inyuma yo kurihirwa na Wema amahera sentare yamuciriye .

Kuva ico gihe Frida Kajala na Wema Sepetu ngo batanguye gusangira¬† akabisi n’agahiye ariko ngo baza gucanamwo bituritse ku guhurira ku mukunzi umwe bompi bahavuye banatakaza.

64600cookie-checkTanzania : Kajala ati :” Sinshobora gufuta tatouage ya Wema ku mubiri wanje”
Previous articleYaraye ahawe amasezerano yo gukina mu mugwi wo mu gihugu c’Urwanda.
Next articleKylian Mbappé muri Cameroon