Home ENTERTAINMENT Imiriyoni amajana abiri z’amanyabulaya kuri Kylian Mbappé ?

Imiriyoni amajana abiri z’amanyabulaya kuri Kylian Mbappé ?

338
0

Amakuru ariko aravugwa ku mukinyi wa Paris Saint Germain Kylian Mbappé avuga ko uwurongoye uwo mugwi yamenyesheje kuri uyu wa gatatu ko uwo mukinyi atazogenda kuri gusa atagurishijwe,bikavugwa ko boba bamushakako imiliyoni 200. Kylian Mbappé we ari mu rugendo mu gihugu ca Cameroun rw’imisi itatu.

Amakuru yatanzwe mu kiganiro El chiringuito,ngo Kylian Mbappé hari ikimenyetso yatanze Ku mugwi wa Real Madrid afise umupira wo kwambara wa Real Madrid wera.

Nayo inzobere akaba n’umuhinga mubijanye n’igura n’igurisha ry’abakinyi Nicolo Schira, yamenyesheje :” Umugwi wa Real Madrid uriko ukora ibishoboka vyose ngo usinyishe umukinyi Kylian Mbappé. Real Madrid yemereye Mbappé kumuha amasezerano y’imyaka itanu be n’ uko bomuhemba imiliyoni 50 z’amanyabulaya Ku mwaka kumwaka bakongerako udushirukabute”.

 

64350cookie-checkImiriyoni amajana abiri z’amanyabulaya kuri Kylian Mbappé ?
Previous articleUmuririmvyi Wa gospel Déborah Lukalu agiye gukora igiteramo muri côte d’ivoire.
Next articleUganda : Umuirimvyi  Chameleone arasaba ubufasha.