Home ENTERTAINMENT Umukinyi Kylian Mbappé aguma avugwako vyinshi.

Umukinyi Kylian Mbappé aguma avugwako vyinshi.

253
0

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Sports.fr,ibijanye nuko Mbappé ava mu mugwi wa Paris Saint Germain akaja muri Real Madrid bishobora gushikwako mu ndwi iza kuko gushika ubu nubwo Mbappé yemera gukinira PSG Umwaka uza w’inkino,uwo mugwi wo ntiwifuza ko yogenda ataguzwe.

Ayo makuru yanashikirijwe mu kiganiro co kuri El Chiringuito avuga ko umukinyi Mbappé yoba aza amaze kubwira bamwe mu bakinyi bakinana muri PSG ari nabo bagenzi biwe Achraf Hakimi,Presnel Kimpembe na Marquinhos ko agiye kuja gukina mu mugwi wa Real Madrid.

Ikindi kivugwa nuko Kylian Mbappé yoba aza amaze kuvugana n’umugwi wa Real Madrid ko azoca asinya amasezerano yo gushika mu mwaka wa 2029 akazohembwa imiliyoni 32 z’amanyabulaya K’Umwaka K’Umwaka agahabwa n’ibice 65 kw’ijana vy’amafaranga azoba yinjiye biciye mu mashusho yiwe.

Mu bituma Mbappé we naho atabivuga ashaka kuja muri Real Madrid uyu mwaka nuko ashaka gushika muri uyo mugwi hakiri ikibanza kigaragara inyuma y’aho Benzema aviriye muri uwo mugwi.Trio y’ubusatirizi bwa Real Madrid ishobora kuzoba igizwe na Vinicius , Mbappé na Benzema.

 

63450cookie-checkUmukinyi Kylian Mbappé aguma avugwako vyinshi.
Previous articleBongo : Urugo rwa Bill Nass na Nandy rurarurumba.
Next articleOfficiel : Adrien Rabiot yongereje amasezerano muri Juventus de Turin