Home ENTERTAINMENT Bongo : Urugo rwa Bill Nass na Nandy rurarurumba.

Bongo : Urugo rwa Bill Nass na Nandy rurarurumba.

456
0

Umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania Nandy The African Princess amenyesha ko yicuza kuba yarahisemwo kubana na BillNass Nenga nawe asanzwe ari umuririmvyi muri Bongo Music.

Nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru bitandukanye muri Tanzania, Nandy yagiriza umugabo wiwe BillNass kutavugisha ukuri. Ku bwiwe ngo Nenga n’umubeshi.

Inyuma yo kuj’ahabona kw’umubano utari mwiza hagati y’abo baririmvyi babiri bafitaniye kugez’ubu umwana umwe w’umukobwa, abatari bake bagize ico bavuga ku mbuga ngurukanabumenyi aho igitigiri nyamwinshi bemeza ko atakaramata bigeze bitega mu mubano wa BillNass na Nandy gutyo bakemezako atagitangaza kihari nimba urwo rugo rutaramara n’imyaka itatu rwoba rutanguye kururumba.

Mu barushirizaho kugira ico bavuga hari n’abagaruka kwibaza kuki umubano w’abaririmvyi udakunda kurama? Aha banafatira kandi kuri Wema Sepetu akina amareresi abana na Whozu w’umuririmvyi ariko nabo nyene bikaba bizwi ko urugo rwabo rurara rurasha bwaca rukazima kuko Sepetu nawe nyene amaze kwumvikana avuga ko Whozu ari umubeshi.

63420cookie-checkBongo : Urugo rwa Bill Nass na Nandy rurarurumba.
Previous articleUguterana amajambo hagati ya Akes Don, Landry Promoter na Simbizi
Next articleUmukinyi Kylian Mbappé aguma avugwako vyinshi.