Home ENTERTAINMENT Mbe umuririmvyi Rich Mavoko abarizwa he?

Mbe umuririmvyi Rich Mavoko abarizwa he?

163
0

Igenekerezo rya 28 Nyakanga 2022 niyo tariki yanyuma aho abatari bake baheruka amakuru k’umiziki wa Rich Mavoko aho yandika ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Kuva ico gihe imisi irenga 190 irarangiye uyo muririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania ari mu gacerere kadasanzwe.

Nk’uko vyashizw’ahabona na The East Africa TV kuwa 5 Ruheshi, umuririmvyi mugenzi wa Mavoko Fid Q mu kiganiro ku nsamirizi East Africa Radio yamenyesheje ko ibihe vy’ubuzima Rich Mavoko ariko aracamwo arivyo bituma aba mu gacerere nk’aka.

Mwomenya ko agacerere nk’aka umuririmvyi Darassa nawe nyene wo mu gihugu ca Tanzania yigeze kukabamwo inyuma yo kumenyekana cane mu myaka 2016 na 2017 mu ndirimbo Muziki gani na Hasara roho agaca aceceka mu kiringo kirenga umwaka aho yongeye kugaragara mu kwezi kwa Kigarama 2018 inyuma yo gushir’ahabona indirimbo nshasha *Achia njia*.

Mu gihe rero Rich Mavoko ar’umwe mu baririmvyi bahanzw’amaso ndetse bandika neza muri Bongo Flavor benshi bizera ko agacerere uyo muririmvyi arimwo kwoba ari nk’ukwisuganya kugirango agarukane inguvu nshasha.

61620cookie-checkMbe umuririmvyi Rich Mavoko abarizwa he?
Previous articleUbutumwa bwa Landry Promoter kuri Brarudi na Primusic
Next articleKigali : Juno kizigenza vuba agiye gushira ahabona album yise ” YARAJE”