Home ENTERTAINMENT Kigali : Juno kizigenza vuba agiye gushira ahabona album yise ” YARAJE”

Kigali : Juno kizigenza vuba agiye gushira ahabona album yise ” YARAJE”

186
0

Umuririmvyi Juno Kizigenza inyuma yogusohora indirimbo yaraje, abicishije kurubuga rwiwe rwa facebook yamenyesheje Ko vuba agiye gusohora album nshasha” Yaraje” y’indirimbo 17 arizo : Yaraje, Umusore, Champion , Roke, You, Abracadabra, Umugisha, Isengesho, Mama, Biraryoha, Tonight, Ikirara, Overdose, My wife, La vie, Igitangaza na Zezenge. Uyu muririmvyi abandanya akora ibishoboka kugira abakunzi b’ibindirimbo ziwe bandanye baryoheregwa akazi kiwe.

King James umuririmvyi akomeye mur’ico gihugu, akeza mutoyi wiwe abicishije kurubuga rwa instagram ati : “iyo album tuyirindiranye igishika cinshi”.

Juno kizigenza n’umuririmvyi akongera akaba n’umwanditsi mu gihugu c’urwanda. Akundwa ahanini n’urwaruka abandanya akora y’itanga kugira umuziki wiwe umenyekane kw’isi yose.

61660cookie-checkKigali : Juno kizigenza vuba agiye gushira ahabona album yise ” YARAJE”
Previous articleMbe umuririmvyi Rich Mavoko abarizwa he?
Next articleQu├ębec : Umukunzi mushasha wa Drake yashizwe kumugaragaro