Home ENTERTAINMENT We love muzika : Izina rishasha, ibikorwa bishasha

We love muzika : Izina rishasha, ibikorwa bishasha

201
0

Umurwi We love Muzika ugizwe n’abaririmvyi Dj Fernando na Gusto Kuriyo, inyuma yo gutandukana na management bahora bakorana bigatuma n’imbuga ngurukana bumenyi bahora bakoresha batazisubizwa; itariki 4/9/2022 babicishije kurubuga rwabo rwa Facebook baramenyesheje ko bahinduye izina batacitwa We love Muzik bagiye kwitwa We Love Muzika kandi bakaba bagiye gukoresha imbuga ngurukana bumenyi nshasha (facebook, WhatsApp na Youtube)

Inyuma y’ukwezi kumwe bahinduye izina, We Love Muzika bakaba baherutse gusohora urukurikirane rw’indirimbo rushasha ( Ep) bahaye izina rya “Broke But Famous” rugizwe n’indirimbo zitanu “Broke But Famous” (izina rya EP), “Jojo” , “Lolo” na “Kilometa”

Inyuma y’igihe kitari gito bari bamaze basa n’abataboneka kurubuga rw’umuziki Ndundi, biraboneka ko baje n’inguvu nyinshi kugira bongere bigarurire imitima y’abakunzi babo n’abo umuziki ndundi muri rusangi,nkuko babikoze kurukurikirane rwabo rwambere “Malo” rwatumye bamenyekana mumuziki ndundi ndetse no kw’isi yose kubw’indirimbo nka “Molo” “Away” “Malo” n’izindi.

Twizere ko guhindura Management bitazobuza uwo murwi gutera imbere maze bakabandanya bigarurira industry y’umuziki ndundi ndetse no kw’isi yose.

VIDEO : Emery Sun afunguka kuhusu kuowa mwana mke mwema atoka kwabwana

 

35821cookie-checkWe love muzika : Izina rishasha, ibikorwa bishasha
Previous articleBurundi mu kibanza c’ 7 muri CECAFA
Next articleAUDIO | H-beka – Pombe | DOWNLOAD

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here