Kuruyu wakabi mubakinyi b’amaretesi akongera akaba n’umuririmvyi aririmba indirimbo mpimbaza Mana ( Gospel) ariwe Alvella Muhimbare yavuye mugacerere kukwishura abakunzi bafilm yiwe bamaze imisi bariko barasaba parie 2 ya film yiwe My Life Story ayi sohore nkuko yari yatanze isango ivyo akaba yavyanditse kurubuga gwiwe gwa facebook.
Alvella akaba yamenyesheje ko isango yari gutangira ko film yiwe My Life Story igice ca 2 yararenganye ariko si ingorane yamuvuyeko ahubwo ngo vyatewe n’ivyuma ivyo navyo murazi ko bidasezerana ati : Ndasavye imbabazi cane kuba film my life story partie 2 idashoboye kuboneka unomusi navyipfuza cane Kandi navyemeye mbonako bishoboka ariko ivyuma ntibisezerana Nanje nipfuza ko tuza kuyirabana ariko hari ikibazo cabaye kitanyorohereje turiko turatungana !!murakoze cane kuntahura
Alvella Muhimbare akaba aremesha abakunzi biwe ko aho izozira hose izoba iryoshe cane mbere aba abasaba kubandanya kuba muraraba igice cambere cayo.
Alvella Muhimbare
https://www.youtube.com/watch?v=uwJjlavhdPU
456850cookie-checkAlvella Muhimbare aravuze impamvu film yiwe My Life Story partie 2 itarasohoka