Home NEWS Berry music na Beats & Creations bagiranye amasezerano m’umugambi witwa INDUNDI LIVEFACTORY

Berry music na Beats & Creations bagiranye amasezerano m’umugambi witwa INDUNDI LIVEFACTORY

213
0
Berry music na Beats & Creations bagiranye amasezerano m’umugambi witwa INDUNDI LIVEFACTORY, ufasha abaririmvyi gukora Live mukubashikana kure hashobka mukuririmba indirimbo ikibiriraho (Live music!! ) Ni Berry Music na Beats & Creations kur’uyu wa gatatu aho bakoranije abanditsi n’abamenyesha makuru mukutumenyesha uko bagiye gukorana.
Ni mugihe hari hakoraniye abantu batandukanye Nka Berry Music nyene hamwe numu DJ wiwe DJPatman Ava mumugwi uvangavanga imiziki Runtown DJs nabasanzwe barongoye Beats & Creations usanzwe urimwo umugwi The beats band. Muri make icatumye bahamagara abamenyeshamakuru nuko bagiye gutangura umugambi witwa INDUNDI LIVE FACTORY.
Ni kuvuga ko bagiye gukorana cane Muri live igihe cose afise ibiteramo Canke izindi manza
zitandukanye,  ziwe muririmvyi w’umurundi bagiye gutangurana inyuma yaho hari abandi baririmvyi bakiri
mubiganiro. Mubibazo babajijwe bashoboye kwishura aho Berry music bizomugeza bishuye ko hari imigambimyinshi bafitanye ndetse n’ibikorwa bategekanya gukorana bizoza munyuma yaho bagiye gutangurira narirya muburundi umuziki wa live udakunzwe cane gukorwa nabaririmvyi.
Bamenyesheje Kandi ko uyu mwaka wa 2022 uhera Hari abandi baririmvyi babiri bashize umukono kumasezerano yogukorana nabo Kandi batumenyeshe Yuko ikiringo bagiye gukorana Ari ikiringo kinini mugihe bahagaritse amasezerano bazobitumenyesha.
Barangije bahimiriza abaririmvyi b’Abarundi gutangura gukora umuziki wa live kubera ko ubu ariwo uri kwisoko cane kandi abantu ariwo bakunda.
45780cookie-checkBerry music na Beats & Creations bagiranye amasezerano m’umugambi witwa INDUNDI LIVEFACTORY
Previous articleAlvella Muhimbare aravuze impamvu film yiwe My Life Story partie 2 itarasohoka
Next articleListening party yiteguriwe neza mugukumira bamwe

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here