Home ENTERTAINMENT Alvella Muhimbare aravuze impamvu film yiwe My Life Story partie 2...

Alvella Muhimbare aravuze impamvu film yiwe My Life Story partie 2 itarasohoka

389
0
Kuruyu wakabi   mubakinyi b’amaretesi akongera akaba n’umuririmvyi aririmba indirimbo mpimbaza Mana ( Gospel) ariwe Alvella Muhimbare yavuye mugacerere kukwishura abakunzi bafilm yiwe bamaze imisi bariko barasaba parie 2 ya film yiwe My Life Story ayi sohore nkuko yari yatanze isango ivyo akaba yavyanditse kurubuga gwiwe gwa facebook.
Alvella akaba yamenyesheje ko isango yari gutangira ko film yiwe My Life Story igice ca 2 yararenganye ariko si ingorane yamuvuyeko ahubwo ngo vyatewe n’ivyuma ivyo navyo murazi ko bidasezerana ati : Ndasavye imbabazi cane kuba film my life story partie 2 idashoboye kuboneka unomusi navyipfuza cane Kandi navyemeye mbonako bishoboka ariko ivyuma ntibisezerana Nanje nipfuza ko tuza kuyirabana ariko hari ikibazo cabaye kitanyorohereje turiko turatungana !!murakoze cane kuntahura
Alvella Muhimbare akaba aremesha abakunzi biwe ko aho izozira hose izoba iryoshe cane mbere aba abasaba kubandanya kuba muraraba igice cambere cayo.
Alvella Muhimbare
https://www.youtube.com/watch?v=uwJjlavhdPU
45680cookie-checkAlvella Muhimbare aravuze impamvu film yiwe My Life Story partie 2 itarasohoka
Previous articleRappy Boy na Trey Zo Baragarutse n’indirimbo nshasha
Next articleBerry music na Beats & Creations bagiranye amasezerano m’umugambi witwa INDUNDI LIVEFACTORY

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here