Home NEWS Muri IGEBU ngo “nta bavurati babaho”. Uno muvurati wo mu Ruyigi nawe...

Muri IGEBU ngo “nta bavurati babaho”. Uno muvurati wo mu Ruyigi nawe ati “ntasubijwe inkwano zanje umutumba wose nta mvura uzosubira kuronka”

156
0

Iyi ni inkuru y’umugabo avuka ahitwa mu Rugaga muri komine Gisuru y’intara ya Ruyigi yari yubakanye n’umukenyezi (baranavyarana umwana umwe) wo muri komine Kinyinya, neza na neza ahitwa i #Musumba muri iyo ntara nyene.

Ishavu ryiwe yaritaye ku baba ku mutumba wa #Musumba wose igihe umukenyezi wiwe yari yasubiye iwabo amaze gukoshwa kabiri, maze akaba yagomba kuja muri Tanzaniya

Uwo mugabo, yaciye abarahira ko ata mvura izongera kugwa kuri uwo mutumba adatunganirijwe kandi kuva imvura itasuye ngo ku yindi mitumba imvura yaragwa ariko ku mutumba Musumba ho ntigwe

Kuri uyu wa kabiri ni ho bumvirizwa n’abatware bo ku mutumba maze basanga uyo mugabo ntarira busema, bahitamwo gusaba se wa wa mukenyezi gusubiza inkwano, uyu nawe agurisha inka inkwano zirasubizwa. Wa mugabo nawe aca abemerera ko imvura izogwa imbere y’uwu wa kane (26/10/2023). Ni ho kuri uyu wa gatatu yaheza ikagwa, maze kuri uyu wa kane abarimyi babona gusohora imbuto

Aho uherereye uramaze kubona umuntu abuza imvura kugwa?

72720cookie-checkMuri IGEBU ngo “nta bavurati babaho”. Uno muvurati wo mu Ruyigi nawe ati “ntasubijwe inkwano zanje umutumba wose nta mvura uzosubira kuronka”
Previous articleBurundi : Ntakintu kiboneka kimaze gushikwako cavuye m’umugambi “Ewe Burundi Urambaye” igihugu cokwirata
Next articleNew Video Lyrics : Clem The Bae – Indoto yanje