Home ENTERTAINMENT Kidum ngo yoba yicuza kuba ari umuririmvyi.

Kidum ngo yoba yicuza kuba ari umuririmvyi.

413
0

Ivyo Nimbona jean pierre amenyeka cane ku mazina ya kidumu kibido , yavyanditse abicishije kurubuga rwiwe rwa facebook kuri uyu wa kabiri.
ubwo butumwa bugufi buri mururimi rw´igifaransa agira ati” je regrette vraiment être un artiste”.
Akaba atansiguro yasizeko ituma yicuza.

Nimpamvu ubwo butumwa yashimye kubwandika m’ururimi rw´igifaransa kandi uyo muririmvyi Kenya; igihugu akoreramwo kandi yamenyekanyemwo; bakoresha icongereza n´igiswahili nazo nayo ntiyayimesheje.

Mubundi butumwa bugufi ; asa nuwishura abagize ico bashikiriza kubutumwa bwiwe; harimwo abavugako yoba yicuza kuba ari “umurundi” aticuza kuba ari umuririvyi.
Kidum yamenyeshejeko imyaka irenga 28 ari mumahaga umubiri n´ubwenge vyiwe biri k´uburundi. Ariko gukora umwuga wo kuririmba uri muburundi ataco vyogushikanako.

Ariko nubwo Kidum yaraye amenyesheje ivyo , kuri uyu wagatatu nyene arafise igiteramo mu gihugu ca kenya nkuko ubundi butumwa yacishije kurubuga rwiwe buvyerekana.

 

67770cookie-checkKidum ngo yoba yicuza kuba ari umuririmvyi.
Previous articleNew Video : Big fizzo – Superman
Next articleHamenyekanye Abakinyi bagiye kwitegurira Urukino ruzobahuza na Cameroun.