Home ENTERTAINMENT Olympic Star uri mu myiteguro y’ihiganwa ry’umwaka uza.

Olympic Star uri mu myiteguro y’ihiganwa ry’umwaka uza.

267
0

Kuva kuri uyu wa 26 Mukakaro 2023, Umugwi OlympicStar wo mu ntara ya Muyinga uramutswa umumenyereza mushasha.Uwo mugwi ugiye kumenyerezwa na Robert Bimenyimana yaciye mu migwi itandukanye mu gihugu c’Uburundi.

Abo bakinyi baguzwe n’umugwi wa Olympic Star ni Mugisha Joris, umusatirizi yahora akinira umurwi wa Buja City mu mwaka w’ihiganwa uheze.Uwo mukinyi yasinye amasezerano y’umwaka umwe.

Uwundi mukinyi ni Bilo_Bilali yahora mu murwi wa AS Inter Star nawe nyene yasinye amasezerano muri Olympic Star umwaka umwe.

Nayo uwundi mukinyi ni Kagayo Shabani mu mwaka uheze yari mu murwi wa Les Jeunes Athl├ętiques.

Umugwi wa Olympic Star mumwaka w’inkino w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi wa 2022-2023 warangije uri mu kibanza ca cenda n’amanota 37.

63190cookie-checkOlympic Star uri mu myiteguro y’ihiganwa ry’umwaka uza.
Previous articleBlessing Burundi yashize ku mugaragaro indirimbo azokoresha mw’ihiganwa rya Izere award 2023
Next articleKenya : Sauti Sol irushirizaho kwigarurira Isi