Home ENTERTAINMENT Kenya : Sauti Sol irushirizaho kwigarurira Isi

Kenya : Sauti Sol irushirizaho kwigarurira Isi

400
0

Mu rukurikirane rw’ingendo zo kumenyekanisha umuziki wabo kw’isi (World tour) barimwo, abaririmvyi bane bo mu gihugu ca Kenya bahuriye mu mugwi Sauti Sol babandanya bandikish’amateka mu kwitabirirwa n’abantu benshi mu biteramo bagenda barakora.

Akarorero k’ubushobozi bw’umugwi Sauti Sol kabonetse mu mpera z’indwi iheze aho bari mu gihugu c’Ubwongereza. Mu gisagara ca Londres ariwo mugwa mukuru w’ubwongereza, Sauti Sol barashoboye kwuzuza abafana ikibiga ca Indigo At The 02 Arena gisanzwe cakira abantu 2700.

Iyo ntambwe iriko iraterwa n’abo baririmvyi bo mu gihugu ca Kenya irishimirwa cane n’abakunzi b’umuziki mu karere ka Afrika y’ubuseruko aho bater’akamo, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, abandi baririmvyi gukora nka Sauti Sol kugirango umuziki wo mu karere umenyekane hose kw’isi.

Mur’izo ngendo zo kuzunguruka isi, Sauti Sol yahisemwo guhera ku mugabane wa buraya muco bise Sauti Sol Europe Tour 2023.

https://www.youtube.com/watch?v=V6jtY6-nbXc

63250cookie-checkKenya : Sauti Sol irushirizaho kwigarurira Isi
Previous articleOlympic Star uri mu myiteguro y’ihiganwa ry’umwaka uza.
Next articleBurundi : Intambwe idasanzwe mumuziki wo guhimbaz’Imana (Gospel)