Home ENTERTAINMENT Burundi : Intambwe idasanzwe mumuziki wo guhimbaz’Imana (Gospel)

Burundi : Intambwe idasanzwe mumuziki wo guhimbaz’Imana (Gospel)

356
0

David nduwimana asanzwe aririmba gospel, yarakoze kuruwu w’Imana   igenekerezo rya 25 Ruheshi Unomwaka igiteramo kidasanzwe  ” Narahariwe concert “.

Cabereye mugisagara ca Bujumbura kuri jardin public.Indirimbo zashitse kunyota abari bitabiriye ico giteramo baduz’amaboko bahimbaz’Imana ,zinateramisha ndetse n’abari mumicungararo yaho. Abakunzi ba David Baririmbana nawe indirimbo nka: Narahariwe,forgiven,Ndabizi neza,Niwe n’izindi.

Bamwe mubaririmvyi ba gospel bari batumiwe mugitermo Narahariwe concert ni :Gaby Kamanzi wo Murwanda, Apôtre apollinaire, Big Zoe, umugwi: rédemption voice, Victorious team  na better together ugizwe n’abakenyezi 4.

David NDUWIMANA yahoze mumugwi wa gospel “Shemeza music” wari urongowe na Apôtre apollinaire HABONIMANA. Ivyo bihangange mumuziki wo guhimbaz’Imana bakaba baragarutse  kuri zimwe mundirimbo bakoranye.

63330cookie-checkBurundi : Intambwe idasanzwe mumuziki wo guhimbaz’Imana (Gospel)
Previous articleKenya : Sauti Sol irushirizaho kwigarurira Isi
Next articleUguterana amajambo hagati ya Akes Don, Landry Promoter na Simbizi