Inyuma yo gutsinda umurwi nserukiragihugu wa Namibie ibitsindo 3 kuri 2, umugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watahukanye amanota agera kur’atatu.
Urwo rukino rwabereye ku kibiga Benjamin Mkapa muri Tanzanie rwatumye u Burundi bunganya amanota 4 n’umugwi nserukiragihugu wa Cameroun basanze bari kumwe mw’itsinda C.
Iryo tsinda C ryo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca CAN 2023 rigizwe n’ibihigu bitatu arivyo U Burundi, Namibie na Cameroun.
Mur’iryo tsinda, Namibie iz’imbere n’amanota 5, u Burundi mu kibanza ca kabiri n’amanota 4 nayo Cameroun ikaza mu kibanza ca gatatu n’amanota 4 nyene.
rumwe d’Urukino ; hagati y’Uburundi na Cameroun nirwo rusigaye mur’iryo tsinda aho umugwi uzotsinda uzoca urengana co kimwe na Namibie.
Aha rero mu gihe atawotsinda uwundi mururwo rukino, u Burundi nibwo bushobora guca bujana na Namibie canke Cameroun muri CAN 2023.
Muri make umugwi nserukiragohugu w’uburindi Intamba mu Rugamba usabwa kudatdindwa gusa mu rukino ruzowuhuza na Cameroun kugirango bahonyoze amaguru yose ku ncuro yabo ya kabiri muri CAN.