Home ENTERTAINMENT Kylian Mbappé muri Real Madrid

Kylian Mbappé muri Real Madrid

532
0

Umukinyi w’igihangange Kylian Mbappé asanzwe akinira Paris Saint Germain yo mu gihugu c’ubufaransa birashoboka ko agiye kwerekeza i Madrid mu murwa mukuru wa Espagne.

Amakuru ava mu mugwi wa Paris Saint Germain yemezako ubuyobozi bukuru bw’uwo mugwi bwamaze kumenyesha umumenyereza Luis Enrique ko Kylian Mbappé atakiri umukinyi aharirwa muri Paris Saint Germain.

Umugwi wa Real Madrid ngo ugejeje kure I ibiganiro vyo kwegukana Kylian Mbappé aho mbere bivugwako ashobora kuzokwambara numero 9 mur’uwo mugwi.

Amakuru ava ku mpande zompi ziyo migwi y’umupira w’amaguru ibulaya yemeza kandi ko Kylian Mbappé agiye kugurwa amamiliyoni y’amayero agera kwi 150.

Umukinyi Kylian Mbappé asanzwe akinira umugwi nserukiragohugu w’ubufaransa yipfujwe kuva kera n’umugwi wa Real Madrid wo muri Espagne kuva kera bikanka aho vyagiye binavugwako Emmanuel Macron umukuru w’igihugu c’ubufaransa yagiye avyitambik’imbere kugira ngo bikunde Mbappé agume muri Paris Saint Germain.

62770cookie-checkKylian Mbappé muri Real Madrid
Previous articleIntamba mu Rugamba muri CAN 2023
Next articleKu mwaka umuryango w’umuririmvyi Barnaba ufungura amashilingi arenga gato umuliyoni