Home ENTERTAINMENT Kampala : Ghetto kids n’umugwi w’abana Daouda Kavuma

Kampala : Ghetto kids n’umugwi w’abana Daouda Kavuma

1452
0

Uyu n’umugwi w’abana b’abagande wabayeho kuva mu mwaka 2014 utangujwe n’uwitwa Daouda Kavuma.

Aba bana yabegeranije abakura mu mabarabara yo mu makaritiye ya banyarucari mu gisagara ca Kampala maze abashira hamwe abigisha gutamba.

Ghetto kids n’abana barushirizaho kubica bigacika mu gutamba umuziki utandukanye aho bakurikirwa n’abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi.

Hambavu yo gutamba, Ghetto kids baramaze gushir’ahabona album y’indirimbo yiswe Africana.

Abo bana kandi haheze ikiringo c’ukwezi kumwe bandikishije amateka mu gutumirwa mw’ihiganwa rikomeye mu gihugu c’Ubwongereza Britain’s got talent aho babiciye bigacika bituma bahabwa umudari w’izahabu.

Mbega musomyi aho uherereye hoba hari ba Daouda Kavuma bashobora kwitanga bagakur’abana mw’ibarabara kugira ngo babafashe kugaragaza impano zitandukanye zibarimwo?

60750cookie-checkKampala : Ghetto kids n’umugwi w’abana Daouda Kavuma
Previous articleAigle Noir irahurira na Bumamuru muri Final uno musi mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu
Next articleMan Theo : Indirimbo ndiko ndakora sindota ndayirekura idafise amashisho