Home ENTERTAINMENT Bongo : Umwami w’indirimbo z’urukundo Mbosso

Bongo : Umwami w’indirimbo z’urukundo Mbosso

278
0

Izina Mbosso n’izina abatari bake mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bagarukako iyo bavuga indirimbo z’urukundo.

Uyo muririmvyi wo muri Bongo Flavour mu gihugu ca Tanzania yaramaze gutwar’imitima y’urwaruka ruri mu rukundo mu kubaha umuziki ubashika kunyota ukanatuma bavomerera neza inkundo zabo.

Mu karere ka Afrika y’ubuseruko abatari bake batazira Mbosso umwami w’indirimbo z’urukundo bitumwe n’ukuntu ahayagiza urukundo n’uwakunda bigatuma uwutarakunda wewe yisanga mu ruhombo.  “AMEPOTEA” niyo ndirimbo nshasha y’ico gihangange; imaze indwi zitatu ikaba imaze kurabwa kuri YouTube n’abantu barenga imiliyoni zitatu ( 3.000.000 vues ).

60490cookie-checkBongo : Umwami w’indirimbo z’urukundo Mbosso
Previous articleIbitari bimenyewe mu ntaya ya Rumonge.
Next articleTanzania iguma ironka amaraso mashasha muri komedi/umwuga wo gutwenz’abantu.