Étienne NDAYIRAGIJE ahejeje gusinya amasezerano yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi intamba mu rugamba.

Étienne NDAYIRAGIJE ahejeje gusinya amasezerano yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi intamba mu rugamba.

25 janvier 2023 Non Par H. Mervis
Muri ayo masezerano yateyeko igikumu ari kumwe n’uwurongoye FFB Alexandre MUYENGE, harimwo ko azomenyereza imirwi y’Uburundi mubagabo: abakuze,imiyabaga hamwe n’abakiri bato.
Étienne NDAYIRAGIJE akaba yateye umukono kumasezerano y’imyaka 2.
Uwo mumenyereza yahoze amenyereza igihugu ca Tanzania,yabwiye AKEZA SPORTS ko icihutirwa ari gutegura urukino Burundi vs Namibie kandi ko imiryango yuguruye kubakinyi bose b’abarundi babishoboye, ko azoshirimbere ubushobozi bw’umukinyi mugutumako abakinyi muntamba murugamba.
Facebook Comments Box
50910cookie-checkÉtienne NDAYIRAGIJE ahejeje gusinya amasezerano yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi intamba mu rugamba.