Home ENTERTAINMENT Amarira ya Sat B ku Bushikirangaji bujejwe igisata c’micokama mu Burundi

Amarira ya Sat B ku Bushikirangaji bujejwe igisata c’micokama mu Burundi

196
0
Umuririmvyi  Bizimana Aboubakar Karume ariwe Sat B asaba reta y’uburundi gushigikira abaririrmvyu buburundi mugihe biba bikenewe ko baserukira igihugu mu makungu, ivyo akaba ya bivuze kurubuga gwiwe.
Sat B niwe muririmvyi wo mu Burundi arimwihiganwa Afrima, ariko bikaba biriko biragaragazwa ko atazo shobora gushika aho bizobzera biwanye nukubura uburwo . Sat B yanditse ati:
KU KIBAZO CO KUZIKWISHIKIRA AHAZOBERA IBIRORI VYA AFRIMMA DUSERUKIYE UBURUNDI Oooh  Vy’ukuri DG muri MinEACJSCBdi Yaransiguriye Neza Cane Ko ata Buryo Bwategekanijwe Kubaririmvyi Mugisata C’imicokama,Igihe cose bazoba batumweko guserukira igihugu mu makungu, ati « ariko iya uba muri Sport hariho ama milliards yabigenewe.
Birumvikana Cane kuko igihugu gihanzwe na vyinshi, naho umuziki nawo uri mu bintu bituma abantu baruhuka bakiruhurira mu mutwe, mu kwibagira bimwe mubibazo vya minsi yose.
Ndashimiye cane MinEACJSCBdi. Kuba yaratwemereye kuturondera Visa biri Officiel Igihe cose tuzoba twitunganije ku ruhande rwacu ngo tuzoserukire u Burundi Muri Afrimma, Nkongera Nkasaba Reta Yacu Dukunda Kuraba Ko n’abaririmvyi, abahurukiye bose mu gisata c’imicokama “Culture” kuzoturabira iki kibazo..
VIDEO : Emery Sun afunguka kuhusu kuowa mwana mke mwema atoka kwabwana
https://www.youtube.com/watch?v=hj0XhHpcCm4&t=625s
35571cookie-checkAmarira ya Sat B ku Bushikirangaji bujejwe igisata c’micokama mu Burundi
Previous articleWe love muzika : Izina rishasha, ibikorwa bishasha
Next articleBurundi mu kibanza c’ 7 muri CECAFA

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here