INKURU ISHUHE : Ikigo Marahaba Center Cahawe Ingabire y’ibikoresho vy’umuziki na Ambassade ya Belgique mu Burundi

INKURU ISHUHE : Ikigo Marahaba Center Cahawe Ingabire y’ibikoresho vy’umuziki na Ambassade ya Belgique mu Burundi

1 mars 2022 0 Par KAMIKAZI
Kuri uno musi wambere itariki 28 Ruhuhuma 2022 mu Carama ku kigo Marahaba Center, abatunganije Marahaba Festival, bari mu birori vyo kurangiza bwite iryo sabukuru no kwakira ingabire y’Ubuserukizi bw’ububirigi mu Burundi y’ibikoresho vy’umuziki bigizwe nk’umwironge (flute), clarinette n’ibindi
– Kubwa Shabani Ramadhani, isabukuru Marahaba Music Expo ntiryaje gutanga umuziki gusa mu biteramo ariko n’ihuriro ry’abaririmvyi n’abahinga b’ivyumuziki kugira bunge ubucuti bushobora kubateza imbere mu mwuga wabo. Yongeye arashimira Ambassade ya Belgique kuba yabagabiye ivyo bikoresho bizofasha urwaruka rw’ipfuza kunonosora umuziki. Yongeye arashimira Christian Plouvier asazwe avuza ivyo vyuma kuba yarabigishije iyo misi yose
– Tukabibutsa ko isabukuru Marahaba Festival ryabaye kuva kuwa 17 gushika kuwa 19 Ruhuhuma 2022 mu nyubakwa z’ikigo ndangakaranga c’abafaransa IFB aho hashoboye gutangwa inyigisho zijanye n’ukwinjira mu muryango munini wa Afrika Music in Africa, inyigisho zijanye n’umuziki (Éducation à la musique) n’igiteramo cahuje ibihugu birenga 5 vyo muri Africa na Buraya
Facebook Comments Box
21490cookie-checkINKURU ISHUHE : Ikigo Marahaba Center Cahawe Ingabire y’ibikoresho vy’umuziki na Ambassade ya Belgique mu Burundi