Home ENTERTAINMENT Uburundi bwabaye icibare k’ubaririmvyi bo mu Rwanda

Uburundi bwabaye icibare k’ubaririmvyi bo mu Rwanda

157
0

Abaririmvyi bo mu gihugu c’Urwanda bamaze iminsi bahamagarwa kuremesha ibiteramwo bitandukanye mu gihugu c’Uburundi.

Abo bakaba barihwa amafaranga atari make kugirango bemere kwitabira ivyo bitermo. Ibimaze gutuma n,abaririmvyi babarundi bagaragaza imyidogo yabo aho bavugako aba promota babarundi iyo bahamagaye abaririmvyi babarundi babahemba inticantikize ariko abanyamahanga bakahembwa umurengera.
Mu baririmvyi bahafi, The Ben yahawe ayarenga miliyoni 100 z’amafaranga y’amarundi, Israel Mbonyi aririmba gospel nawe bivurwako yahawe ayatari make hamwe na Vestine na Dorcas.
Mubaririmvyi b’abanyarwanda bitezwe mu minsi ya vuba mu Burundi harimwo Christopher Muneza hamwe n’umunyabugenegene Kanyomvya.
Ariko n’abaririmvyi b’abarundi baragerageza gusatira isoko yo mu Rwanda. Umuririmvyi w’umudiho wa HIP HOP B-Face on the flow aramaze kuba amenyerewe i Kigali hamwe n’umuririmvyi kiruku Akali na Double J .
Abaririmvyi babarundi barananidoga ko aba promota batitaho kubaronderera ibiteramo mubindi bihugu. Ariko hari nabavuga ko umuziki ndundi bigoye ingene uja guhiganwa kumasoko mpuza makungu bivanye ningene uhinyanyuwe (qualite).

73610cookie-checkUburundi bwabaye icibare k’ubaririmvyi bo mu Rwanda
Previous articleMusic Audio : Ebadass Dhozen Ft Dyd Umuranga – Impeta
Next articleIndirimbo SMILE ya Masterland yakagurutse kuri youtube