Home ENTERTAINMENT Ed Sheeran yaramaze kwiyimbira inturo.

Ed Sheeran yaramaze kwiyimbira inturo.

231
0

Umuririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo wo mu gihugu c’Ubwongereza Ed Sheeran ngo ariteguriye urubanza rwo gupfa.

Mu kiganiro yatanze kuri GQ Hype, uyo muririmvyi amaze kwegukana udushimwe 4 vya Grammy yamenyesheje ko yamaze kwiyimbira ikinogo ndetse agerekako ibuye rinini hejuru. Ati:” Umusi nzitaba Imana aho niho bazonshira!”

Abatari bake mu bakunzi b’umuziki wiwe bagaragaye bamukeza kukuba yiteguriye neza iherezo ry’ubuzima bwiwe hano kwisi.

Ed Sheeran siwe muntu wambere yiyimbiye imva akiri muzima kuko no mu gihugu kibanyi ca Tanzania hariho umutama Mzee Kimaro yicaye yaramaze kwitegurira aho azohambwa mu ntara ya Kilimanjaro nk’uko vyemezwa n’ibinyamakuru bitandukanye murico gihugu.

Ushobora kuraba n’iyi video :Ukweli wa safari ya Msamaria\ alienda inchi gani Msamaria

https://www.youtube.com/watch?v=BdH14LfUwLA&t=21s

71740cookie-checkEd Sheeran yaramaze kwiyimbira inturo.
Previous articleIshure ryisumbuye rya Lycée Vugizo niryo ryareze Jeanette Kagame
Next articleInyuma yo guharirwa ivomo; Amber Rutty n’umugabo wiwe bahisemwo gukizwa