Home ENTERTAINMENT Terefone ya The Ben yoba yibiwe mugiteramo i Bujumbura.

Terefone ya The Ben yoba yibiwe mugiteramo i Bujumbura.

212
0

Wawundi ngo nta vyama vyera vyose, mu gihe bamwe bariko baratamba baryohewe hari abandi umunezero wabo wamaze akanya gato biturutse ko bikabakavye basanga terefone zabo zibwe harimwo n’iya The Ben !

Umwe mu bamwegereye yamenyesheje n’akababaro kenshi ati: “Umuririmvyi wacu yagiye kuri stage asiga terefone yiwe ku meza aho yari yicaranye n’abandi baririmvyi hamwe n’umukenyezi wiwe Pamella. Pamella yavuye aho yari yicaye aja kwicarana na mama wiwe, The Ben nawe amaze kuva kuri stage aca aja kuramukanya n’abari barishe imiriyoni 10, avuyeyo asanga terefone yiwe yibwe!”

Si uwo muririmvyi gusa yatakaje terefone yiwe muri ico giteramo, hariho n’abandi bantu bashika 5 nabone bibwe amaterefone yabo muri ubwo buryo, umwe avuga ko yibwe terefone yo mu bwoko bwa iPhone14, uwundi nawe Samsung Galaxy S23.

Kubwabatunganije ico giteramo ngo batanguye kurondeza kugira barabeko izo telephone zoboneka.

 

70910cookie-checkTerefone ya The Ben yoba yibiwe mugiteramo i Bujumbura.
Previous articleUSA : Menya imvo ituma Rick Ross adashira muri lebel yiwe abagore n’abigeme
Next articleSport : Real Madrid iyoboje inkoni y’icuma Laliga.