Home NEWS Tanzania yaronse umukaridinali.

Tanzania yaronse umukaridinali.

210
0

Kur’uyu wa 30 Nyakanga, i Roma mu Butaliyano habaye ibirori vyo kwimika karidinali  Porotaze Rugambwa asanzwe yamuka mu gihugu kibanyi ca Tanzania, mu ntara ya Kagera.

Nk’ uko amakuru atangwa n’imvukira zo mu ntara ya Kagera babicishije ku rubuga rwabo rwa Facebook Buhaya roots, izina rya Rugamba karidinali Porotaze yarihawe n’abavyeyi biwe barikuye k’uyundi mukaridinali yaryitwa igihe Porotaze yavuka.

Uyo mukaridinali Rugmbwa wa mbere nawe yari umutanzania akomoka mu ntara ya Kagera, ubu akaba yaramaze kwitab’Imana.

Abatari bake rero barushirizaho gufata intambwe Porotaze yateye mu kuba mundongozi z’idini rya katolika ku rwego rw’isi nk’igikorwa c’Imana na cane cane bivuye kukuntu Porotaze yatoranye izina rya karidinali Rugambwa nawe bikaba birangiye abaye umukaridinali.

70750cookie-checkTanzania yaronse umukaridinali.
Previous articleIbikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Rusumo Falls bigeze ku bice 99.7%
Next articleUSA : Menya imvo ituma Rick Ross adashira muri lebel yiwe abagore n’abigeme