Home NEWS Ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Rusumo Falls bigeze ku bice 99.7%

Ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Rusumo Falls bigeze ku bice 99.7%

286
0

 Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Nyakanga, Ibrahim Uwizeye, Umushikirangaji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu  mu Burundi yishikiye ku rugomero rwa Rusumo, muri District ya Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, aho yyahahuriye na bagenzi biwe bo mu Rwanda na Tanzania.

Abo bategetsi bari baramutse basuzuma aho igice ca nyuma c’ibikorwa vyo kwubaka utwo ruugomero kigeze imbere yuko hatangura gutangwa umuyagankuba ukwiye ukomoka kuri urwo rugomero ruzotanga umuyagankuba mu bihugu bitatu

Kugeza ubu, imashini zibiri zitanga Megawatt 27 z’umuyagankuba akaba arizo ziriko zirakora mu gihe hategekanijwe ko umuyagankuba wa Megawatt 80 ariwo uzokomoka kuri urwo rugomero rushasha. Abo bashikiranganji batatu, bababa basanze ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero bigeze ku rugero rwa 99.7%.

 

70670cookie-checkIbikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Rusumo Falls bigeze ku bice 99.7%
Previous articleVideo zabuja tv : Happy Phone Shop Rumonge Kwa vifaa vya simu/ Rama aonyesha mambo makubwa
Next articleTanzania yaronse umukaridinali.