Home NEWS Ngozi: Habaye inkino za Judo zahuje imigwi itandukanye

Ngozi: Habaye inkino za Judo zahuje imigwi itandukanye

188
0

Kuruyu w’Imana igenekerezo rya 1 gitugutu uno mwaka hatunganijwe ihiganwa mugisagara ca ngozi ku migwi ikina judo muriyo ntara. Harimwo imigwi yo mugipolisi Club Rukinzo, ishure ryigisha igipolisi c’Ingozi, kiyenzi judo Club…

Nkuko vyashikirijwe Na KARABAGEGA Paterne umuyobozi w’ubuhinga m#urukino rwa judo mu Burundi, abigeme berekana ubuhinga bwabo muguhangana bidasanzwe bananyiyurana umwanya ukwiye, amenyesha kandi ko basubiramwo gukina gugez’aho haboneka uwutsinda.

Uyo muyobozi agaragaza impungenge ziwe kubarorerezi, ngo n’uko batazi gutandukanya uwatsinze n’uwatsinzwe uretse abasirikare n’abapolisi bamenyereye gukina no kurorera judo abandi ntibiborohera.

Izo nkino zakinywe muntumbero yokurondera abazoja mw’ihiganwa ryo kurwego rw’igihugu. Ihiganwa rizoba mumpera za munyonyo umwaka wa 2023.

71080cookie-checkNgozi: Habaye inkino za Judo zahuje imigwi itandukanye
Previous articleBurundi : Akarusho kadasanzwe kagiye kuboneka kubaririmvyi
Next articleBongo : Alikiba na Amina bashobora gutandukana.